Hamagara kuri #300#
kugira mukoreshe SAMA !

Kwiyandikisha Kuvoma application

AMABWIRIZWA RUSANGI YA SAMA MONEY

1. INCAMAKE Y’AMASEZERANO.

1.1 Aya Mabwirizwa Rusangi agenga uburenganzira bwo kwinjira no gukoresha uwu muhora ngurukanabumenyi (n’intumbero y’aya Mabwirizwa Rusangi, ijambo  « uwu muhora ngurukanabumenyi », rirasigura umuhora (application) wacu (igihe bikenewe)), hamwe n’uburyo ukora (ivyo twise «Ubuhinga»). Mu gukoresha ubwo buhinga, mu kubwiyandikishamwo no mu kubukoresha, muba mwemeye kugengwa n’aya Mabwirizwa Rusangi. Mwanse kugengwa n’aya Mabwirizwa Rusangi, ntimwinjire muri ubwo Buhinga, ntimubwiyandikishemwo kandi ntimubukoreshe. Ururimi rukoreshwa mw’aya Mabwirizwa Rusangi ni Igifaransa. Kubw’ivyo, ururimi rwisungwa muri ubu Buhinga, mu bisabwa no mugukoresha ubu buhinga, bitegerezwa kuba mu Gifaransa.
1.2 Muri aya matageko rusangi, amajambo « SAMA Money », « twebwe », « cacu » et « vyacu » bikoreshwa mu kuvuga ishiharamwe SAMA Money SA n’abakozi baryo, abayobozi, amashirahamwe yifatanije naryo, abasubirizi hamwe n’abakoresha baryo. SAMA Money SA ni ishirahamwe ryandikishijwe kuri numéro MA.BKO.2018.B.6205 mu gihugu ca Mali. Icicaro caryo kiri mu nyubakwa Trainis, BP E5446, Hamdallaye ACI 2000, Bamako, MALI.
1.3 Amajambo « mwebwe », « canyu » et « vyanyu » bikoreshwa ku bakoresha bwa Buhinga, baba abarungika, abarungikirwa, n’abandi bakoresha uwu muhora ngurukanabumenyi.
1.4 Aya Mabwirizwa Rusangi atangura gukora kuva umusi mwinjiye, mukiyandikisha canke mugakoresha ubu buhiga ubwambere. Aya mategeko arashobora kuja arasubirwamwo, ivyo navyo bigatangura gukora kuva ku musi asubiriwemwo kandi ntibigire ico bihindura ku buryo mwakoreshamwo bwa buhinga.
1.5 Ubu Buhingabwakozwe :
(a) ngo bufashe abanywanyi kurungikira amahera umuryango n’agabenzi, aho bari hose kw’isi;
(b) gufasha abanywanyi gukorera urudandaza kuri telephone ngendanwa. Ku mpamvu z’umutekano, twobahanura ko mukoresheje ubu Buhinga mu kurungika amahera canke ama unités yo gutumatumanako, mwoba muzi neza abo murungikiye. Nti mugakoreshe ubu Buhinga murungikira abo mutazi, nk’abacuruza, baba abaranguza canke abadandaza.

2. IBITWEREKEYE

2.1 Twisunze aya Mabwirizwa Rusangi, tubemereye kubaha ubu Buhinga twitonze cane. Twobamenyesha ko ubu Buhinga bushobora kubura canke bukaboneka umwanya muto mu bibanza canke mu bihugu bimwe bimwe.
2.2 Ntidutegerezwa gukora ico arico cose. Iyo musavye ko tubafasha kurungika amahera, muba mudusavye kurungika kw’izina ryanyu, mukatwemerera no gukora iryo rungikwa. Bivanye n’uko tubiravye, turashobora kwemera canke tukanka kubikora. Duhisemwo kutabikora, turabibamenyesha ningoga tukongera tukabasubiza amahera mwarishe ngo tubikore, igihe cose amabwirizwa atabitubuza. Ariko iyo duhisemwo kutabakorera irungikwa ry’amahera, dushobora kuvyigiza inyuma canke tugateba kubikora muri bwa buhinga, ariko bikavana n’uko tubibona.
2.3 Ishirahamwe SAMA Money ryama rifise uburenganzira bwo guhindura canke gukuraho Buhinga bwose canke igice tutabagabishije, kandi igihe ico ari co cose.
2.4 Turashobora, igihe cose tubonye bikenewe, kwanka kubafasha krungika amahera (mu bihe nk’ibivugwa kw’ibwirizwa rya 4) canke tugashinga akarimbi ku gitigiri c’amahera murungika, kw’irungikwa incuro imwe imwe canke incuro nyinshi, hisunzwe umugwi w’amakuru mwatanze mu kwiyandikisha canke uburyo bwo kuriha, canke imirwi y’ amakuru mwatanze mu kwiyandikisha bitandukanye canke uburyo bwo kuriha bijanye.
2.5 Ibiringo bivugwa mu Buhinga butandukanye bwacu be n’ahandi hose ku muhora ngurukanabumenyi wacu bisigura ibiringo vya bwa Buhinga, ariko kandi ntivyemeza umwanya w’Ubuhinga canke ukurungika amahera kwawe.
2.6 Tuzogerageza kwama tunyarutsa irungikwa ry’amahera. Ariko rero kurungika birashobora guteba canke bigahagarikwa ku mpamvu zitandukanye, harimwo uburyo bwo gusuzuma ibibaranga; uburyo bwo kwemeza ibisabwa mu gukoresha ubu Buhinga; gutumatumanako namwe; canke bikavana n’ihinduka ry’amasaha yo kugurura hamwe n’iboneka ry’amahera, canke naho kwisunga amabwirizwa ajanye n’igihe.
2.7 Turashobora guhanahana namwe amakuru ajanye n’ikora ry’Ubuhinga dukoreshe ubutumwa bwa telefone (SMS). Inyuma yo kuronka ubutumwa bwanyu mudusaba kurungika amahera, tuzobaha amakuru ajanye n’igitiri c’amahera arungikwa mu mahera yakoreshejwe mu gusaba iryo rungikwa, tubamenyeshe amahera y’ico gikorwa, igiciro co kuvunjako, hamwe n’umusi mwadusabiyeko iryo rungikwa, kugira ngo mushobore kubona neza iryo rungika ry’amahera.

3. IBIBEREKEYE

3.1 Mwiyemeje :
3.1.1 kutinjira mu Buhinga bwacu, kutabukoresha no kutagerageza kubukoresha ngo muturungikire ubutumwa kiretse mufise imyaka n’imiburiburi 16, hamwe no mu gihe mwerewe n’amategeko gusinya amasezerano mu bintu;
3.1.2 kw’irungikwa ryose mwasavye gukorerwa, kuturiha ikiguzi c’igikorwa n’igitigiri c’amahera murungika. Ukuriha bivana n’igihe mudusabiyeko irungikwa. Hisunzwe amategeko, ikiguzi c’igikorwa tubakoreye ntigisubizwa, kiretse ibijanye no kwerekana aya Mabwirizwa Rusangi. Musavye gukorerwa igikorwa kizanira amahera ishirahamwe SAMA Money, harimwo ikiguzi c’ibisohoka canke ibindi biguzi, muba mwemeye gusubiza ivyo biguzi ishirahamwe;
3.1.3 ko, mu bihugu bimwe bimwe, turashobora kurihisha amahera y’ikoreshwa ry’ amakarata y’amahera;
3.1.4 kudakoresha igikoresho, ubuhinga bwa none vyo konona canke kugerageza konona ikora ry’Ubuhinga bwacu;
3.1.5 ku bijanye no kwiyandikisha no gukoresha ubu Buhinga, mwemera:
(a) kuduha numero yanyu ya telefone imwe, ari nayo yandikwa kuri konte yanyu;
(b) kuduha icemezo c’ukuri, cemewe, kigezweho kandi cuzuye c’ibikuranga, hamwe rero no gutanga ningoga ibikuranga bigezweho iyo vyahidutse;
(c) kuduha ibikuraga tuzobasaba;
(d) kuduha icemezo c’ukuri, cemewe, kigezweho kandi cuzuye c’ibikuranga nk’uko bisigurwa ku muhora ngurukanabumenyi, kugira ng’umuntu yinjire muri bwa Buhinga hamwe n’ayandi makuru yose ajanye n’ukunwanyi yokenerwa;
3.2 Igihe mukoresha ubu Buhiga mwisuze aya Mabwirizwa Rusangi, ni mwe mutegerezwa kumenya ko ivyo murungika ari vyo imbere yo kubirungika. Igihe mwamaze gusaba ko tubarungikira amahera, ntibishoboka ko hari ico muhindura mu makuru y’iryo rungikwa.
3.3 Igitigiri c’amahera yose hamwe (igitigiri c’ayo murungika, ikiguzi c’ico tubakorera, n’ibiguzi bijanye) mutegerezwa kuriha hamwe n’ikiguzi co kuvunjisha gishoboka bishirwa ku muhora ngurukanabumenyi imbere y’uko babasaba kwemeza irungikwa ry’amahera yanyu, no gukurikirana irungikwa kuri urwo rugero ntibiba itegeko.
3.4 Iyo urishe igitigiri c’amahera arungikwa mu mahera kanaka ariko ikiguzi kikaba kiri mu yandi mahera, hariho isano hagati y’igiciro co guhindura ayo mahera, ico akaba ari co tugurako amahera y’agaciro, hamwe n’ikiguzi co kuvujako tubahereza. Ishirahamwe SAMA Money n’abadandaza ibikorwa vyaryo, basanzwe batanga akanyungu gato mu bihe nk’ivyo. Kuriha ibiguzi tubikora mu mahera y’amarundi. Urugezo rwashinzwe rwo kuvunja amahera y’agaciro ruraturinda kugwa mu ngorane. Igihe ikonte y’umunywanyi wacu ari iy’amahera atandukanye n’ayo mwadusavye kubarihamwo, ivyo birashobora gutera gucerwa, canke bigatuma hongerwako amahera bitewe n’ibiciro vyo kumvuja bitandukanye. Uwurungika ategerezwa kumenya ko kuriha ico gikorwa biba mu mahera amwe n’aya konte arungitseko.
3.5 mwiyemeza kandi ko ishirahamwe SAMA Money rigabanya uruhara rwaryo muvy’amahera mworiha mu gukoresha uburyo bwo kuriha kugira ngo irungikwa ry’amahera rikorwe. Aho ni nk’amahera ibanki ishobora gusaba mu gihe ikonte yanyu iba idafise ubutunzi bukwiye canke amahera y’ibanze canke y’inyungu abatanga amakarata basaba igihe bafashe ko ugukoresha ubu Buhinga co kimwe no guhanahana amahera mu kugura ibintu.
3.6 gukoresha ubu Buhinga mu kurungikira amahera abantu muzi mwebwe ubwanyu canke muriha ibidandazwa n’ibikorwa mwakorewe n’abandi. Mwiyemeza ko ishirahamwe SAMA Money rishobora gufata ingingo yo kudakora irungikwa ry’amahera mwasavye igihe cose twibajije ko mukoresha Ubuhinga bwacu mu guteza imbere ibikorwa vy’ubusuma, bitemewe canke bibujijwe. Muhisemwo gukoresha Ubuhingamu guhemba umuntu atari muri ubu Buhinga bwacu ku kidandazwa canke igikorwa kanaka, mwemera ko SAMA Money idakurikirana, kandi ntigire n’uruhara ku bijanye n’agaciro, umutekano, ibijanye n’amabwirizwa, canke ivyo gushikiriza ikidandazwa, mukemera ko murabwa n’ibintu vyose bijanye n’iryo koreshwa ry’Ubuhinga.
3.7 ko umunywanyi hamwe namwe nyene mugira vyose kubwanyu nyene gusa. Ntimushobora gusaba kurungika canke ngo murungikirwe amahera kubw’uwundi muntu. Mutegekanya kubikora, mutegerezwa kubanza kumenyesha ishirahamwe SAMA Money mukanaduha amakuru yose twobasaba ajanye n’uwo wundi muntu kugira ngo dufate ingingo yo kubaha uburenganzira bwo kurungikirana canke yo kutabubaha.
3.8 ko ugukoresha ubu Buhinga bitegereza kubahiriza aya Mabwirizwa Rusangi, hamwe n’ayandi mabwirizwa yose bijanye. Ugukoresha Ubuhinga bwacu mu kurungika amahera (i) ku muntu yarenze aya Mabwirizwa Rusangi canke (ii) ariko arakora ibikorwa bitemewe n’amategeko harimwo kunyuruza amahera, urudandaza rutemewe, no gushigikira imirwi y’itarabwoba, biba ari ukurenga ano Mabwirizwa Rusangi. Igihe SAMA Money izi idakekeranya ko mukoresha Ubuhinga bwayo mu bikorwa bitemewe n’amategeko, canke mu yindi ntumbero idaciye mu mategeko canke mukareka uwundi muntu ngo abikore, SAMA Money irashobora kubashengeza imbere y’inzego zibijejwe.
3.9 mu gukoresha umuhora ngurukanabumenyi wacu canke Buhinga bwacu, canke mu kuvugana na SAMA Money, umunwanyi canke uwundi muntu, asabwa:
3.9.1 kutarenga aya Mabwirizwa Rusangi canke ayandi masezerano yose yasinywe hagati ya SAMA Money namwe ;
3.9.2 kutagira ikonte zirenga zibiri (2) ata ruhusha twatanze ;
3.9.3 kudatanga amakuru y’ikinyoma, atari yo, canke ayobezanya ;
3.9.4 kutemerera uwundi umuntu kwinjira mu makuru ajanye n’ukwiyandikisha kwanyu, ahubwo mugerageze gukingira ayo makuru;
3.9.5 kutareka kwemeza amakuru yose muduha, harimwo n’icemezo c’ibibaranga, canke kwanka kudufasha mw’itohoza;
3.9.6 kudakoresha uburyo bunyegeza amazina (ubuhinga bwo kuzimanganya amakanda y’igikorwa) ; canke
3.9.7 kwabura canke gucungera umuhora ngurukanabumenyi wacu hakoreshejwe ama mashini nyabwonko, imashini z’ubushakashatsi canke ikindi gikoresho cose gikoreshwa canke kidakoreshwa n’intoke, ata ruhusha rwanditse twatanze.

4. UBURENGANZIRA BWACU BWO KWANKA, KWIGIZA INYUMA CANKE MBERE GUHAGARIKA

4.1Turashobora kwanka kubakorera igikorwa mwasavye ko tubakorera muri bwa Buhingabwacu, ugusaba igihembo cank ikindi gikorwa gihe ico arico cose kandi ku mpamvu iyo ariyo yose (harimwo no kugihagarika tubonye bikenewe). Turaba uburorero bwinshi bw’ibihe duhagarika igikorwa mwasavye, nk’uko mubibona.
4.1.1 Turashobora, mw’ibanga ryacu, kwanka canke guhagarika igikorwa canke ibikorwa mwasavye kuva twibajije ko mugira mukoreshe uBuhingabwacu mu bintu bitemewe n’amatageko canke bibujijwe, kubwanyu canke kubw’ umunywayi arungikirwa.
4.1.2 Turashobora, mw’ibanga ryacu ntangere, kwanka canke tugahagarika igikorwa canke ibikorwa mwasavye ari ico murungikirwa n’abantu bamwe bamwe, canke murungikira abantu bamwe bamwe, na cane cane aho bitarekuwe canke kubo amategeko y’igihugu abuza, igihe itegeko ridutegetse, canke igihe dufise igituma twokwiyumvira ko ico mwasavye bija mubitemewe n’amategeko ahari ku bijanye no kurwanya inyuruzwa ry’amahera canke guterera imirwi y’iterabwoba. Turashobora kwanka kubakorera ibikorwa birihwa biciye mu buryo bumwe bumwe iyo hari icotuma twibaza ko umutekano w’ubwo buryo bukoreshwa mu kuriha urimwo ibibazo canke iyo twiketse ikoreshwa ritemewe ry’ubwo buryobwo kuriha.
4.1.3 Mw’ibanga ryacu ntangere, turashobora kwanka canke tugahagarika ivyo mwadusavye canke ibokorwa bijanye no kuriha, mu gihe:
(a) SAMA Money idashobora gusuzuma ibabaranga;
(b) SAMA Money idashobora gusuzuma ibiranga uwo murungikira;
(c) Mutishuye ku makuru twabasavye avugwa ku bwirizwa ya 4.4 ;
(d) SAMA Money yibaza neza ko mukoresha uBuhingabwayo mu kurenga aya Mabwirizwa Rusangi canke ayandi mategeko bijanye.
4.2. Imaze kwanka canka guhagarika ivyo mwasavye gukorerwa, harimwo no kubafasha ivyo kuriha, SAMA Money ibonye bikenewe, irashobora no kubakura kurutonde rwabakoresha ubu Buhingamu kiringo c’imisi kanaka canke ikabakuramwo burundu.
4.3 Igihe ishirahamwe SAMA Money igize uwo ikuramwo, haba mu gihe gitoya canke burundu, canke mu gihe yanse canke gaharika ico mwasavye gukorerwa, yisunze ibwirizwa ya 4, SAMA Money irafise uburenganzira bwo kugumya ibiguzi vy’ibikorwa vyamaze gukorwa.
4.4. kugira ngo dukore ibituraba vyose twisunze amategeko, turagumana uburenganzira bwo gusaba ibiranga umuntu canke ivyemezo bijanye n’igikorwa kanaka adusaba kumukorera.

5. UBURENGANZIRA BWANYU BWO GUHAGARIKA, UGUSUBIZWA

5.1 Mu buryo bwemewe n’amategeko, mumaze tumaze kuronka Ubutumwa bwanyu ntimuba mugifie uburenganzira bwo kubihagarika.
5.2 N’aho biri uko muri iyo ngingo, SAMA MONEY, mw’ibanga ryayo, irashobora kugerageza guharika canke gukurako amahera yanyu mutumenyeshej ko muvyifuza mu masaha atarenga atatu (3) inyuma yo kurungika, igihe uwo mwayarungikiye atarayakoresha. Igihe iryo hagarikwa rikunze, SAMA MONEY irabasubiza uko bisanzwe amahera yanyu mu kiringo c’iminsi y’akazi ibiri, ikuyeko amahera yo guhagarika irungikwa ry’amahera, yo kwibutsa canke yo kuyakurikirana, hamwe n’amahera y’ico gikorwa asanzwe akatwa.
5.3.1 Mugize ikibazo mw’ikoreshwa ry’ubu Buhinga, canke;
5.3.2 mukamenya ikoreshwa ritemewe canke ryakozwe nabi, mutegerezwa kuduhamagara mudatevye mukoresheje bumwe mu buryo musanga mu mpera y’Amabwirizwa Rusangi mu kiringo kitarenze iminsi indwi inyuma y’ishirwako ry’amahera mukimara kumenya ko yashizweko mu buryo butemewe canke vyakozwe nabi. Urwandiko rusaba gusubizwa ayo mahera rubwirizwa kurungikwa (no ku muhora email) kuri imwe mu mihora yatanzwe mu mpera y’Amabwirizwa Rusangi, ugashirako izina ry’uwarungitse amahera n’aho urungika aba, inomero yiwe ya telefone ngendanwa, inomero yisunzwe mw’irungikwa ry’amahera, igitigiri c’amahera n’impamvu yo gusaba isubizwa ry’amahera.
5.4 Ni twaba twarungitse amahera twisunze amakuru mwaduhaye, bigashika ayo makuru akaba atari yo, ntitubazwa iryo korwa nabi ry’irungikwa ry’amahera yanyu. Ariko tuzogrageza uko dushoboye kugarukana ayo mahera. Tuzobasaba amahera make y’agahembo ku bw’ico gikorwa.
5.5 SAMA Money ni yaba itarungite amahera yisunze amakuru mwayihaye, twisunze ibwirizwa rya 11.2, izosubiza amahera yose yarungitswe. Kiretse mu bihe bidasanzwe, nta hinyanyurwa na rimwe rizokorwa ku mahera atanzwe hagati y’umwanya muriko murarihira irungikwa ry’amahera n’umwanya ikonti yanyu ishiriweko amahera.
5.6 Amahera yo kurihwa azoshirwa ku buryo bwo kuriha bwakoreshejwe mw’irungikwa ry’amahera kandi mu mahera amwe nyene.

6. IBIJANYE N’AMABANGA

6.1 Ibijanye n’ibanga ry’umwidondoro wanyu wanyu. Muremeye ko dukoresha ibibaranga mw’itangwa ry’ubu Buhinga, harimwo no gusuzuma, hisunzwe aya masezerano. Mwemera kand ko twebwe hamwe n’abandi dukorana bavyemerewe, dukoresha uwo mwidondoro mu kuvugana namwe, no mu bijanye n’amategeko, mu vy’ibigega n’ubutunzi hamwe no mu vyo gushingura ivyanditswe, hisunzwe umuco wacu wo kugumya ibanga bwa SAMA MONEY. Ubwo buryo murashobora kuburaba mu gufyonda hano.
6.2 Itangwa ry’amakuru asabwe n’ubutegetsi.Turashobora gusabwa n’intwaro canke ubutegetsi bubijejwe gutanga amakuru ajanye n’uko mukoresha ubu Buhinga bwo kurungika amahera hamwe n’ubutunzi bwanyu, twisunze umuco wacu wo kugumya ibanga. Muri rino sezerano, muramenya kandi mukemera uburenganzira bwacu bwo kubikora uko.
6.3 SAMA Money irashobora, mu gihe bikenewe mw’itangwa ry’ ubu Buhinga, kubika amakuru y’umunywanyi kugira yemeze umwidondoro wiwe canke ngo bavyongere kubutumwa aturungikira. Ivyemezo nk’ivyo bishobora gusaba umwidondoro mwiza, wemewe, ufatiye ku rutonde rw’impapuro zitangwa n’abatanga Ubuhinga bwacu, hamwe/canke inomero yo gukurikirana amahera yatanzwe, igitigiri-kabanga (PIN), ijambo-kabanga « ijambo ukoresha ritazwi », canke ibindi bibaranga bisa n’ivyo.

7. UBUTUNZI BW'UBWENGE

7.1 Umuhora wa SAMA Money hamwe n’igikorwa ca SAMA Money, ibirimwo, hamwe n’ubutunzi bw'ubwenge bwose bifatanye n’ibirimwo vyose (harimwo, n’aho atari ivyo gusa, burenganzira bwa nyene igikorwa, ikidodo c’ubudandaji, ikidodo c’igikorwa) ni ubutunzi bwa SAMA Money, amashirahamwe yifatanije natwe hamwe n’abo dukorana bigenga. Uburenganzira bwose, izina canke inyungu ifitanye isano n’umuhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money canke bwa Buhinga bwayo, bitegerezwa kuguma ari inyegu ya SAMA Money canke abo dukorana bigenga.
7.2 Umuhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money hamwe n’Ubuhinga SAMA Money bishobora gukoreshwa gusa ku mvo zemewe mu Mabwirizwa Rusangi asiguye aho ku muhora nyene. Muremerewe gusoma ivyandikwa ku muhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money no kubika ivyo mushatse ngo mubikoresha mwenyene gusa. Ata cemezo canditse ca SAMA Money mufise, nta bundi burenganzira na bumwe mufise ukwo bwomera kwose, bwo gusubiramwo, kumenyekanisha, guhindura, kwandika ku mihora ngurukanabumenyi, gutanga canke gukoresha, mu bwuzure canke igice, umuhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money, n’Ubuhinga bwa SAMA Money, canke gufasha mu kubitanga canke kubidandaza, ngo bikoreshwe muri rusangi canke mu budandaji. Birabujijwe:
(a) gukoresha imashini nyabwonko (robot), yongerako, ubuhinga bwo gutora ibiriko canke ikindi gikoresho cose gikoresha ubuhinga bwa none kugira ngo ushike ku muhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money canke bwa Buhinga bwa SAMA Money ; hamwe/canke
(b) gufuta canke guhindura ivyerekana uburenganzira bwa nyene igkorwa, ikidodo c’ubudandaji canke ibindi vyandiko canke inkuru bifitaniye isano n’uburenganzira bw’ubutunzi bw'ubwenge biboneka ku muhora ngurukanabumenyi wa SAMA Money (canke impapuro zasohowe ziva ku muhora). Izina « SAMA Money » n’ayandi mazina canke ibimenyetso vy’ibidandazwa canke ibikorwa vya SAMA Money bivugwa ku muhora wa SAMA Money ni ibimenyetso vyiharije vya SAMA Money canke vy’abo dukorana bigenga. Ibindi bidandazwa, ibikorwa canke amashirahamwe bivugwa ku muhora bishobora kugira ibimenyetso vy’ubudandaji vyayo bwite, kubw’ivyo, birabujijwe kubikoresha, kuvyabura canke kuvyigana mu buryo ubwaribwo bwose.

IKORESHWA RY’UMUHORA

8.1 Kubwo kwemera kwubahiriza aya Mabwirizwa Rusangi, turabaha uburenganzira ntayegayezwa kandi ntakumira bwo gukoresha umuhora wacu dukuyemwo ibibujijwe mu Mabwirizwa Rusangi, hamwe n’ibijanye no kubika ibanga hamwe n’ibisanzwe vyubahirizwa mu kugura ubuhinga ngurukanabumenyi (vyashinzwe vyisunze Amabwirizwa Rusangi), nk’uko yahinduwe ku gihe. Turisigariza ubundi buenganzira bwose
8.2 Kiretse biri mu Mabwirizwa Rusangi canke itegeko ryo mu kibano rivyemeza, mwemeye :
8.2.1 kutigera mwabura umuhora (kiretse iyo ivyo mwabuye bikoreshwa ku muhora bisanzwe, canke iyo bikenewe kugira ngo bikunde kubikika canke kubw’umutekano w’igikorwa) ; hamwe no :
8.2.2 kudakotesha, kudahebera canke kudatanga uburenganzira nawe iyo wabuhawe, kudatiza, kutonona, kudafatanya kudashira ku gihe canke ngo uhindure umuhora.
8.3 Mwemeye ko umuhora utakozwe kubw’inyungu zanyu bwite, ko kubw’ivyo, ni igikorwa canyu canyu kuraba ko ibikorwa n’itunganywa vy’umuhora vyishura ku bibazo vyanyu.
8.4 Dutanga umuhora ngo ukoreshwe mu buyo bwiharijwe kandi ku muhira. Mwemeye ko mutazokoresha umuhora mu budandaji, kuwugurisha, kandi duhakanye uruhara rwose mu gihe wotakara inyungu, guhomba mu budandaji, ihagarara ry’ibikorwa, canke gutakaza akaryo k’ibikorwa, mushobora guhura navyo. Turahakanye vy’umwihariko (ariko mu buryo butisigaza) uruhara rwose ku gihe gihombo canke kwononekara mwebwe canke uwundi muntu, mushobora kugira bivuye ku gucererwa mu gukora ico musavye, canke twanse kubafasha mw’irungikwa ry’amahera twisunze aya Mabwirizwa Rusangi.
8.5 Umuhora muwuhabwa ku buntu, kubw’ivyo, nta cemezo, nta gisabwa, nta ngwati canke ikindi kintu na kimwe gitangwa kubw’uwo muhora, mbere ingwati canke ibindi vyosabwa birabujijwe mu buryo bwose bushoboka twisunze itegeko rikoreshwa.
8.6 Mw’ikoresha ryanyu ry’umuhora, mu vyo twemererwa n’amategeko, ntidufise uruhara na gato mu:
8.6.1 ukudashobora gukofesha Ubuhinga, canke ikindi gihombo cose canke ugucerwa kurungika ubutumwa ku mvo zitatuvuyeko canke ku ngo zive ku vyo tujejwe imbere y’amategeko, mw’ibwirizwa canke amabwirizwa ngenderwako;
8.6.2 Ikora nabi ry’ivyuma vyo gutumatumanako bidashobora gufatwa nk’ibigenzurwa natwe kandi bishobora kugira ingaruka ku bubangutsi n’ukudahinduka kw’ubutumwa duhanahana.
8.6.3 Amakosa mu muhora canke muri baa bushing bivuye ku makuru adakwiye canke atari yo mwebwe canke abo musangiye ibikorwa mwaduhaye
8.6.4 Igihombo cose canke ingorane mugize mu gukoresha ubuhinga bwacu ku gikoresho cabaye cahinduriwe ubuhinga «jailbreaké», canke gikora vyinshi kigakoreshwa na benshi « rooté » canke cahinduwe ukundi.

9. IYO HARI IVYO MUSABA

9.1 Mushaka kugira ico musavye ku bikorwa vya SAMA Money, twandikire ubutumwa ku muhora email : [email protected]
9.2 Tuzemeza ko twabonye ubutumwa bwanyu mu kiringo c’iminsi y’akazi ibiri. Tuzoca dutangura iperereza hanyuma tubashikirize inyishu mu kiringo kitarenga iminsi indwi y’akazi uhereye ku munsi twemereyeko ko twabonye ubutumwa bwanyu.

10. AMAKURU RUSANGI

10.1 Itegeko rikoreshwa: Aya masezerano agengwa n’itegeko ry’igihugu ca Mali abayakoresha bisunga amategeko y’amasentare y’ico gihugu ca Mali.
10.2 Kutihakana ivyo tujejwe : SAMA Money niyaba inaniwe gushira mu ngiro uburenganzira canke kubahiriza ayo Mabwirizwa Rusangi, ntibizotuma yikurako ico yari ijejwe.
10.3 Guhindura: Turashobora umwanya n’umwanya guhindura aya mabwirizwa ngenderwako tutarinze kubibamenyesha, kiretse mu buryo butunganijwe n’amategeko. Murashobora kuraba amabwirizwa ngenderwako ahinyanyuwe kur’uyu muhora ngurukanabumenyi umwanya uwariwo wose. Murashobora guhagarika gukoresha umuhora igihe cose mubonye ivyahinyanyuwe mutemeye. Mukoresheje ubu Buhinga bwacu inyuma y’italiki yo guhindurwa kw’Amabwirizwa Rusangi, bisigura ko impinyanyuro mwayemeye. Mwemeye kudahindura ayo mabwirizwa kandi muremera ko kugerageza kuyahindura kwanyu ata kamaro kuzogira..
10.4 Imirongo iri ku muhora wacu ijana ku yindi mihora n’iyabo dukorana ihari ngo ibafashe. Iyo mihora ntikoreshwa na SAMA Money nico gituma ata ruhara rwo kwemeza ko ari iyukuri, ko yemewe n’amategeko canke ikindi cose kiyerekeye harimwo n’ivyo musangako. Muyigiyeko, ingaruka zose ni mwebwe ziraba.
UMUTEKANO
SAMA Money iritaho cane umutekano. Dukora vyose twisunze ubuhinga bugezweho kugira ngo dukingire amakuru yanyu. Ubu Buhinga bwa SAMA Money ni uburyo bwiza kandi bwizewe bwo kurungika amahera hamwe/canke no kuriha ibidandazwa n’ibindi bikorwa. Ariko kandi, tubahanura kwitonda mu kurungikira amahera umuntu mutazi neza. Ikindi, mugire amakenga ku babemerera ibintu vyiza cane ku buryo buteye amakenga, kuko kenshi usanga ari ubusuma. Ni mwaba muzi ko umuntu canke umugwi w’abantu ukoresha ubu Buhinga bwacu mu buryo butari bwo, mubitubwire mukoresheje umurongo wacu wa email. Co kimwe kandi n’iyo muronse ubutumwa bwa email busa n’ubuvuye muri SAMA Money mugakeka ko atari ubw’ukuri, mubuturungikire kuri [email protected]

Kutwandikira

Kudushikiriza ivyiyumviro vyanyu, ibibazo, kugira ico mubaza, canke ibijanye no kuriha, andikiraSAMA Money :
ku murongo ku muhora https://sama.money ;
ku butumwa bwa email : [email protected] ;
guterefona kuri +257 22 28 12 34.